2 Abami
20 Muri iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa+. Nuko Yesaya+ mwene Amozi, umuhanuzi, yinjira aho ari maze amubwira ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Nuhe amategeko urugo rwawe+, kuko wewe ubwawe ugiye koko gupfa, utazobaho+.’” 2 Hezekiya aca ahindukiriza mu maso hiwe ku ruhome+ maze atangura gusenga Yehova+ ati: 3 “Ndagusavye, ewe Yehova, ndakwinginze wibuke+ ingene nagendeye+ imbere yawe mu kuri+, mfise umutima ukwiye+, kandi ko nakoze ivyari vyiza mu maso yawe+.” Nuko Hezekiya atangura kurira cane+.
4 Yesaya atarasohoka ngo aje ku mbuga yo hagati na hagati, ijambo rya Yehova riza kuri we+ riti: 5 “Subira inyuma, ubwire Hezekiya indongozi+ y’abantu banje uti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana+ ya Dawidi sogokuruza wawe avuze: “Numvise+ isengesho ryawe+. Nabonye amosozi yawe+. Ehe ngira ngukize+. Ku musi ugira gatatu uzoduga ku nzu ya Yehova+. 6 Nzokwongera ata gukeka imyaka cumi n’itanu ku misi yawe, kandi wewe n’iki gisagara nzobarokora mu kiganza c’umwami wa Ashuri, kandi nzorwanira+ iki gisagara ku bwanje no ku bwa Dawidi umusavyi wanje+.”’”
7 Yesaya abandanya kuvuga ati: “Nimutore agatsima k’insukoni zumye zafyonzwe+ zikegerana.” Nuko baragatora, bagashira ku gihute+, arahava arakira+.
8 Maze Hezekiya abwira Yesaya ati: “Ni ikimenyetso+ ikihe c’uko Yehova azonkiza be n’uko ku musi ugira gatatu nzoduga ata gukeka ku nzu ya Yehova?” 9 Yesaya aca avuga ati: “Iki ni co kimenyetso+ uhawe kivuye kuri Yehova c’uko Yehova azoshitsa ijambo avuze: Ushaka ko igitutu kija vy’ukuri imbere intambuko cumi z’ingazi canke ko gisubira inyuma intambuko cumi?” 10 Maze Hezekiya avuga ati: “Ni icoroshe ko igitutu kija imbere intambuko cumi, mugabo ntivyoroshe ko igitutu gisubira inyuma intambuko cumi+.” 11 Yesaya umuhanuzi aca atangura gutakambira Yehova; nuko atuma igitutu cari camanutse gisubira inyuma buhorobuhoro ku ntambuko, ni ukuvuga ku ntambuko z’ingazi za Ahazi, gisubira inyuma intambuko cumi+.
12 Ico gihe Berodaki-baladani+ mwene Baladani umwami wa Babiloni+ arungikira Hezekiya amakete+ n’ingabirano, kuko yari yumvise ko Hezekiya yari amaze igihe arwaye. 13 Nuko Hezekiya arabumviriza maze abereka inzu y’itunga yiwe yose+, ifeza n’inzahabu+ n’amavuta y’umusomozo*+ n’amavuta meza n’ububiko bw’ibirwanisho bwiwe n’ibintu vyose vyari mu matunga yiwe. Nta na kimwe Hezekiya ataberetse mu nzu yiwe no mu nganji yiwe yose+.
14 Inyuma y’ivyo, Yesaya umuhanuzi yinjira aho Umwami Hezekiya ari maze amubwira+ ati: “Abo bantu bavuze iki, kandi baje iwawe bavuye he+?” Hezekiya avuga rero ati: “Baje bavuye mu gihugu ca kure, i Babiloni.” 15 Yesaya abandanya kuvuga ati: “Babonye iki mu nzu yawe?” Hezekiya aca avuga ati: “Babonye ikintu cose kiri mu nzu yanje. Nta na kimwe ntaberetse mu matunga yanje+.”
16 Nuko Yesaya abwira Hezekiya ati: “Niwumve ijambo rya Yehova+: 17 ‘“Ehe imisi iraje, kandi ibiri mu nzu yawe vyose+ be n’ivyo ba sogokuruza bawe barundanije gushika n’uyu musi bizotwarwa koko i Babiloni+. Nta na kimwe kizosigara+,” ni ko Yehova avuze. 18 “Kandi bamwe mu bahungu bawe bazova muri wewe, abo uzovyara, bazotwarwa+ babe koko abakozi bo ku kirimba+, mu kirimba c’umwami wa Babiloni+.”’”
19 Hezekiya aca abwira Yesaya ati: “Ijambo rya Yehova uvuze ni ryiza+.” Abandanya kuvuga ati: “Mbega si ko biri, amahoro n’ukuri+ ubwavyo nivyagumaho mu misi yanje+?”
20 Nayo ibisigaye mu vya Hezekiya n’ubushobozi bwiwe bwose be n’ingene yakoze ikidengeri+ n’umugende+ maze akazana amazi mu gisagara, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? 21 Amaherezo Hezekiya aryama hamwe na ba sekuruza biwe+; nuko Manase+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.