ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
  • Uno musi

Ku wa mungu, 12 Gitugutu

[Yehova a]zotuma mushikama, [a]bakomeze, [a]tume mushinga imizi.—1 Pet. 5:10.

Akenshi Ijambo ry’Imana rivuga ko abantu b’intahemuka ari abanyabubasha. Ariko rero ntibamye bumva ko ari abanyenkomezi. Nk’akarorero, mu bihe bimwebimwe umwami Dawidi yarumva “akomeye nk’umusozi”, ariko mu bindi bihe “agahagarika umutima.” (Zab. 30:7) Naho Samusoni yari afise inkomezi zidasanzwe ahabwa n’impwemu y’Imana, yari azi ko adafise inguvu ziva ku Mana “yoca agira inguvu nk’iz’abandi bose.” (Abac. 14:​5, 6; 16:17) Abo bagabo b’abizigirwa bari bakomeye kubera Yehova ari we yabaha ububasha. Intumwa Pawulo yariyemereye ko na we nyene yari akeneye inkomezi ziva kuri Yehova. (2 Kor. 12:​9, 10) Yari afise ingorane z’amagara. (Gal. 4:​13, 14) Rimwe na rimwe, na we nyene vyaramubera urugamba gukora iciza. (Rom. 7:​18, 19) Vyongeye, vyarashika akagira amaganya kandi agahagarika umutima ku vyoshobora kumushikira. (2 Kor. 1:​8, 9) N’aho ari ukwo, igihe Pawulo yaba agoyagoya ni ho yagira ububasha. Uti gute? Yehova yaramuhaye inkomezi yari akeneye kugira yihanganire ingorane yari arimwo. w23.10 12 ing. 1-2

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa mbere, 13 Gitugutu

Yehova . . . araba mu mutima.—1 Sam. 16:7.

Bishitse tukumva umengo nta co tumaze, turakwiye kwibuka ko Yehova ari we ubwiwe adukwegera kuri we. (Yoh. 6:44) Aratubonamwo ivyiza twebwe ubwacu tudashobora kubona, kandi arazi umutima wacu. (2 Ngo. 6:30) Igihe rero atubwiye ko turi n’agaciro, turakwiye kuvyemera. (1 Yoh. 3:​19, 20) Bamwe muri twebwe, imbere y’uko tumenya ukuri, usanga twarakoze ibintu bishobora gutuma tuguma twicuza. (1 Pet. 4:3) Mbere n’abamaze igihe ari abakirisu b’intahemuka baguma barwanya impengamiro yo gukora icaha. Weho bite? Vyoba bishika ukiyagiriza? Nimba bigushikira, numenye neza ko n’abasavyi ba Yehova b’intahemuka vyabashikiye. Nk’akarorero, intumwa Pawulo yaracitse intege igihe yazirikana ku bicumuro yari yarakoze. (Rom. 7:24) Ego ni ko Pawulo yari yarigaye ibicumuro vyiwe yongera arabatizwa. Naho ari ukwo, yaguma abona ko yari «uwo hasi cane mu zindi ntumwa», be n’uko yari umucumuzi w’«agahebuza.»—1 Kor. 15:9; 1 Tim. 1:15. w24.03 27 ing. 5-6

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa kabiri, 14 Gitugutu

Abantu baheba inzu ya Yehova.—2 Ngo. 24:18.

Icigwa kimwe twigira ku ngingo mbi umwami Yehowasi yafashe, ni uko dukwiye guhitamwo abagenzi bazotugirako akosho keza, ni ukuvuga abagenzi bakunda Yehova kandi bipfuza kumunezereza. Ntidukwiye kuronderera abagenzi mu bo tunganya imyaka gusa. Niwibuke ko Yehoyada yaruta kure n’iyo Yehowasi. Ku bijanye no guhitamwo abagenzi, niwibaze uti: “Boba bamfasha kurushiriza kwizera Yehova? Boba bandemesha kubaho nisunga ingingo ngenderwako z’Imana? Ibiyago vyabo vyoba bishingiye kuri Yehova no ku kuri kw’agaciro yaturonkeje? Boba bubahiriza ingingo ngenderwako z’Imana? Boba bambwira ivyo nipfuza kwumva gusa, canke barubahuka no kunkosora igihe mba nahuvye?” (Imig. 27:​5, 6, 17) Tuvugishije ukuri, nimba abagenzi bawe badakunda Yehova, abo nta bagenzi barimwo. Ariko nimba abagenzi bawe bakunda Yehova, abo bumireko kuko bazogufasha.—Imig. 13:20. w23.09 9 ing. 6-7

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika