2 Ngoma
17 Maze Yehoshafati+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe no gukomeza ikibanza ciwe kuri Isirayeli. 2 Atangura gushira inteko za gisirikare mu bisagara vyose bikingijwe ibihome vya Yuda no gushira ibirindiro mu gihugu ca Yuda no mu bisagara vya Efurayimu, ivyo Asa se wiwe yari yarafashe+. 3 Yehova abandanya kubana na Yehoshafati+, kuko yagendera mu nzira za kera za Dawidi sekuruza+, ntarondere za Bayali+. 4 Kuko Imana ya se ari yo yarondera+ kandi akagendera mw’ibwirizwa ryayo+, ntakore ibikorwa vya Isirayeli+. 5 Yehova aguma ashimangiye ubwami mu kuboko kwiwe+; kandi Yuda yose ibandanya guha impano+ Yehoshafati, maze agira ubutunzi bwinshi n’ubuninahazwa bwinshi+. 6 Nuko umutima wiwe ugira ubutinyutsi mu nzira+ za Yehova, akura mbere muri Yuda ibibanza bikirurutse+ n’ibikingi vyeranda+.
7 Mu mwaka ugira gatatu w’ingoma yiwe atumako abaganwa biwe, ari bo Beni-hayili na Obadiya na Zekariya na Netaneli na Mikaya, kugira ngo bigishe mu bisagara vya Yuda, 8 bari kumwe n’Abalewi: Shemaya na Netaniya na Zebadiya na Asaheli na Shemiramoti na Yehonatani na Adoniya na Tobiya na Tobu-adoniya Abalewi, bari kumwe kandi na Elishama na Yehoramu abaherezi+. 9 Nuko batangura kwigisha+ muri Yuda, bakaba bari bitwaje igitabu c’itegeko rya Yehova+; baguma bazunguruka mu bisagara vyose vya Yuda, bigisha mu bantu.
10 Maze ubwoba+ buvuye kuri Yehova buza ku bwami bwose bw’ibihugu vyari irya n’ino ya Yuda, ntibwarwanya Yehoshafati+. 11 Kandi barazanira Yehoshafati impano+ n’amahera vy’ikibuguro+ babikuye ku Bafilisitiya. Abarabu+ na bo nyene baramuzanira imikuku: impfizi z’intama ibihumbi indwi n’amajana indwi n’amasuguru y’impene ibihumbi indwi n’amajana indwi+.
12 Yehoshafati abandanya gutera imbere no kuba uwuhambaye+ ku rugero rwo hejuru; kandi aguma yubaka muri Yuda ibibanza bikingijwe ibihome+ n’ibisagara vy’ububiko+. 13 Agira ibintu vyinshi mu bisagara vya Yuda; kandi i Yeruzalemu hari abarwanyi+, abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi+. 14 Aya ni yo yari amabanga yabo hakurikijwe inzu ya ba sekuruza babo: Muri Yuda hari abakuru b’ibihumbi: uwa mbere yari Aduna umukuru, akaba yari kumwe n’abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi ibihumbi amajana atatu+. 15 Yagaba Yehohanani umukuru, uno akaba yari kumwe n’abagabo ibihumbi amajana abiri na mirongo umunani. 16 Yagaba Amasiya mwene Zikiri uwitanze+ gukorera Yehova, akaba yari kumwe n’abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi ibihumbi amajana abiri. 17 Muri Benyamini+ na ho hari wa mugabo w’intwari kandi w’umunyenkomezi Eliyada, akaba yari kumwe n’abagabo ibihumbi amajana abiri bafise umuheto n’inkinzo+. 18 Yagaba Yehozabadi, uno akaba yari kumwe n’abagabo ibihumbi ijana na mirongo umunani bafise ibikoresho ku bw’ingabo. 19 Abo ni bo bakorera umwami, uretse abo umwami yashize mu bisagara bikingijwe ibihome+ muri Yuda hose.