Zaburi
Agahibongozo ka Dawidi.
143 Ewe Yehova, niwumve isengesho ryanje+;
Tega ugutwi ukwinginga kwanje+.
Mu bwizigirwa bwawe, nunyishure mu bugororotsi bwawe+.
2 Kandi ntujane mu rubanza umusavyi wawe ngo muburane+;
Kuko ata muzima n’umwe ashobora kuba umugororotsi imbere yawe+.
3 Kuko umwansi yankurikiranye+;
Yajanjaguye ubuzima bwanje gushika hasi+.
Yatumye mba mu bibanza vy’umwiza nk’abapfuye ku bw’igihe kitagira urugero+.
7 Nunyaruke, nunyishure, ewe Yehova+!
Mu maso hawe ntuhampishe+,
Ahandiho noca mera nk’abamanuka mu cobo+.
8 Mu gitondo nutume numva ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+,
Kuko muri wewe ari ho nashize ivyizigiro vyanje+.
Numenyeshe inzira nkwiye kugenderamwo+,
Kuko nakirurukije umutima wanje kuri wewe+.
10 Nyigisha gukora ukugomba kwawe+,
Kuko uri Imana yanje+.
Impwemu yawe ni nziza+;
Ninyobore mu gihugu c’ukugororoka+.