Kuvayo
19 Mu kwezi kugira gatatu inyuma y’aho bene Isirayeli baviriye mu gihugu ca Misiri+, kuri nya musi nyene, bashika mu gahinga ka Sinayi+. 2 Hanyuma bava i Refidimu+, binjira mu gahinga ka Sinayi, bakambika mu gahinga+. Isirayeli ikambika ng’aho imbere y’umusozi+.
3 Hanyuma Musa aduga ku Mana y’ukuri, Yehova aca atangura kumuhamagarira muri nya musozi+, avuga ati: “Ibi ni vyo ubwirizwa kubwira inzu ya Yakobo no kubarira bene Isirayeli: 4 ‘Ubwanyu mwariboneye ivyo nakoreye Abanyamisiri+, kugira ngo mwebwe ndabatware ku mababa y’inkona, ndabazane kuri jewe+. 5 Ubu rero nimwagamburuka vy’ukuri+ ijwi ryanje kandi mukagumya koko isezerano ryanje+, muzocika rero inyegu yanje idasanzwe mu bindi bisata vyose+, kuko isi yose ari rwanje+. 6 Kandi ubwanyu muzombera ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda+.’ Ayo ni yo majambo ubwirizwa kubwira bene Isirayeli.”
7 Nuko Musa araza, ahamagara abagabo b’inararibonye+ b’ico gisata, ashira imbere yabo ayo majambo yose Yehova yari yamutegetse+. 8 Inyuma y’ivyo abantu bose, ata n’umwe avuyemwo, bishura bati: “Ivyo Yehova avuze vyose turiteguriye kubikora+.” Buno nyene Musa asubirana amajambo yabo kwa Yehova+. 9 Yehova aca abwira Musa ati: “Ehe ndaje kuri wewe mu gicu cijimye+, kugira abantu bumve igihe mvugana nawe+, no kugira ngo na wewe bakwizere gushika igihe kitagira urugero+.” Maze Musa yiganira Yehova amajambo y’abantu.
10 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Genda ku bantu, ubeze uno musi n’ejo, na bo bategerezwa kumesa imitamana yabo+. 11 Kandi bategerezwa kuba biteguye ku bw’umusi ugira gatatu, kuko ku musi ugira gatatu Yehova azomanuka imbere y’amaso y’abantu bose, ku musozi Sinayi+. 12 Kandi utegerezwa gushiriraho uturimbi abantu hirya no hino, uti: ‘Mwirinde ntimuduge ku musozi, kandi ntimukore ku mpera zawo. Umuntu wese azokora ku musozi ntazobura kwicwa+. 13 Nta kuboko gukwiye kumukorako, kuko ata kabuza azoterwa amabuye canke agatobekeranywa. Caba igitungwa canke umuntu, ntikizobaho+.’ Ihembe ry’isuguru y’intama niryavuzwa+, bazoshobora kuduga ku musozi.”
14 Maze Musa aramanuka avuye ku musozi aza aho abantu bari, atangura kubeza; na bo batangura kumesa imitamana yabo+. 15 Nuko abwira abantu ati: “Nimwitegure+ muri iyi misi itatu. Ntimwegere icitwa umugore+.”
16 Ku musi ugira gatatu mu gitondo, hatangura kuba imituragaro n’imiravyo+, n’igicu kizitanye+ ku musozi, n’ijwi ryumvikana cane ry’inzamba+, ku buryo abantu bose bari mw’ikambi batangura kujugumira+. 17 Buno Musa asohora abantu hanze y’ikambi kugira bahure n’Imana y’ukuri, hanyuma bahagarara ku mucamo w’umusozi+. 18 Umusozi Sinayi ufumba umwotsi hose+, bitumwe n’uko Yehova yari yamanutse kuri wo mu muriro+. Kandi umwotsi wawo waguma uduga nk’umwotsi w’itanure+, kandi umusozi wose wariko urajugumira cane+. 19 Maze ijwi ry’inzamba rirushirije kuguma riduga, Musa atangura kuvuga, Imana y’ukuri na yo itangura kumwishura n’ijwi+.
20 Nuko Yehova amanuka ku musozi Sinayi, kw’isonga ryawo. Maze Yehova ahamagara Musa ngo aze kw’isonga ry’umusozi, Musa na we araduga+. 21 Yehova rero abwira Musa ati: “Manuka, uburire abantu, ntibahirahire ngo bamene baje aho Yehova ari ngo bihweze, bigatuma benshi muri bo bapfa+. 22 N’abaherezi nyene, abegera Yehova ubudasiba, nibiyeze+ kugira Yehova ntiyaturukire kuri bo+.” 23 Musa aca abwira Yehova ati: “Abantu ntibashobora kuduga ku musozi Sinayi, kuko ubwawe wamaze kutuburira, ngo: ‘Shiriraho uturimbi umusozi, uwugire mweranda+.’” 24 Ariko Yehova amubwira ati: “Genda, manuka, kandi utegerezwa kuduga, uri kumwe na Aroni. Mugabo abaherezi be n’abantu ntibamene ngo baduge aho Yehova ari, kugira ntiyaturukire kuri bo+.” 25 Nuko Musa amanuka aho abantu bari, arababwira+.