1 Abakorinto
2 Nanje rero, igihe naza iwanyu ga bene wacu, sinazananye imvugo y’agahebuza+ canke ubukerebutsi bw’agahebuza mu kubamenyesha ibanga ryeranda+ ry’Imana. 2 Kuko nafashe ingingo yo kutamenya ikintu na kimwe muri mwebwe kiretse Yezu Kristu+, kandi amanitswe. 3 Kandi naje iwanyu mu bugoyagoye no mu bwoba, njugumira cane+; 4 kandi imvugo yanje be n’ivyo namamaza ntivyarimwo amajambo anyura y’ubukerebutsi, ahubwo vyarimwo ukwigaragaza kw’impwemu n’ububasha+, 5 kugira ngo ukwizera kwanyu ntikube mu bukerebutsi bw’abantu+, ahubwo kube mu bubasha bw’Imana+.
6 Twebwe rero tuvuga ubukerebutsi mu bahumuye*+, mugabo si ubukerebutsi+ bw’iki gihe canke ubw’abatware b’iki gihe+, bamwe babwirizwa guhindurwa ubusa+. 7 Mugabo tuvuga ubukerebutsi bw’Imana mw’ibanga ryeranda+, ubukerebutsi bwanyegejwe, ubwo Imana yagenye imbere y’igihe, ibihe bitarabaho+, ku bw’ubuninahazwa bwacu. 8 Ubwo bukerebutsi nta n’umwe mu batware+ b’iki gihe yabumenye+, kuko iyo babumenya batari kumanika+ wa Mukama w’ubuninahazwa. 9 Mugabo nk’uko vyanditswe: “Ijisho ntiryabonye, n’ugutwi ntikwumvise, eka n’ibintu Imana yateguriye abayikunda ntivyiyumviriwe mu mutima w’umuntu+.” 10 Kuko ari twebwe Imana yabihishuriye+ biciye ku mpwemu yayo+, kuko impwemu+ isesangura ibintu vyose, mbere n’ibintu vyimbitse+ vy’Imana.
11 Kuko, ni nde mu bantu azi ibintu vy’umuntu atari impwemu+ y’umuntu iri muri we? Muri ubwo buryo nyene, nta n’umwe yamenye ibintu vy’Imana atari impwemu+ y’Imana. 12 Ariko twebwe ntitwaronse impwemu+ y’isi, ahubwo twaronse impwemu+ iva ku Mana, kugira ngo tumenye ibintu Imana yaduhaye n’umutima ukunze+. 13 Ivyo bintu ni vyo nyene tuvuga, atari mu majambo yigishwa n’ubukerebutsi bw’abantu+, ahubwo mu yigishwa n’impwemu+, uko dushira hamwe ibintu vy’impwemu n’amajambo y’impwemu+.
14 Mugabo umuntu w’umubiri ntiyakira ibintu vy’impwemu y’Imana, kuko ari ubupfu kuri we; kandi ntashobora kubimenya+, kuko bisuzumwa mu buryo bw’impwemu. 15 Ariko umuntu w’impwemu+ arasuzuma koko ibintu vyose, mugabo ubwiwe nta muntu n’umwe amusuzuma+. 16 Kuko, “ni nde yamenye umuzirikanyi wa Yehova+, ngo amwigishe+?” Mugabo twebwe turafise umuzirikanyi+ wa Kristu.