18 Mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na kane w’ukwo kwezi, ku mugoroba muze murye udutsima tutarimwo umwambiro gushika ku musi ugira mirongo ibiri na rimwe w’ukwo kwezi, ku mugoroba+.
12 “Numvise imyidodombo ya bene Isirayeli+. Babarire uti: ‘Hagati ya ya migoroba ibiri muzorya inyama, mu gitondo na ho muhage umukate+; kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu+.’”
3 Muze mugitegure ku gihe cashinzwe caco, ku musi ugira cumi na kane muri uku kwezi hagati ya ya migoroba ibiri+. Muze mugitegure mwisunze ivyagezwe vyaco vyose n’ukuntu ivyaco vyose bisanzwe bigirwa+.”
6 Mugabo ahantu Yehova Imana yawe azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba+, ni ho ukwiye gushikanira pasika kw’ikimazi ku mugoroba izuba rikimara kurenga+, ku gihe cashinzwe c’ukuva mu Misiri kwawe.