ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 12:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na kane w’ukwo kwezi, ku mugoroba muze murye udutsima tutarimwo umwambiro gushika ku musi ugira mirongo ibiri na rimwe w’ukwo kwezi, ku mugoroba+.

  • Kuvayo 16:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “Numvise imyidodombo ya bene Isirayeli+. Babarire uti: ‘Hagati ya ya migoroba ibiri muzorya inyama, mu gitondo na ho muhage umukate+; kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu+.’”

  • Abalewi 23:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na kane wa nya kwezi+, hagati ya ya migoroba ibiri, ni pasika*+ ya Yehova.

  • Guharura 9:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Muze mugitegure ku gihe cashinzwe caco, ku musi ugira cumi na kane muri uku kwezi hagati ya ya migoroba ibiri+. Muze mugitegure mwisunze ivyagezwe vyaco vyose n’ukuntu ivyaco vyose bisanzwe bigirwa+.”

  • Gusubira mu vyagezwe 16:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Mugabo ahantu Yehova Imana yawe azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba+, ni ho ukwiye gushikanira pasika kw’ikimazi ku mugoroba izuba rikimara kurenga+, ku gihe cashinzwe c’ukuva mu Misiri kwawe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika