45 Kuko ndi Yehova uwuriko arabadugana abakura mu gihugu ca Misiri kugira nerekane ko ndi Imana kuri mwebwe+; kandi mutegerezwa kwerekana ko muri beranda+, kuko jewe ndi mweranda+.
35 Ababa kw’isi bose babonwa nk’ubusa gusa+, kandi akora uko yigombera mu ngabo zo mu majuru no mu baba kw’isi+. Kandi nta n’umwe ariho yotangira ukuboko kwiwe+, canke yomubwira ngo: ‘Wakoze iki+?’