10 “Ku musi w’ukunezerwa+ kwanyu no mu biringo vy’imisi mikuru yanyu+ no ku ntango z’amezi yanyu+, muze muvugirize inzumbete hejuru y’amashikanwa yanyu aturirwa+ no hejuru y’ibimazi vyanyu vy’ugusangira+; kandi ikoreshwa ryazo rize ribabere icibutso imbere y’Imana yanyu. Ndi Yehova Imana yanyu+.”