ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 13:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Maze asemerera abwira nya gicaniro, bivuye kw’ijambo rya Yehova, ati: “Ewe wa gicaniro, wa gicaniro! Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe umuhungu agiye kuvukira inzu ya Dawidi, izina ryiwe rikaba ari Yosiya+! Ata gukeka azoshikanira kuri wewe abaherezi b’ibibanza bikirurutse bafumbishiriza umwotsi w’ibimazi kuri wewe, aturirire n’amagufa y’abantu kuri wewe+.’”

  • 2 Abami 23:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Maze akura abaherezi bose mu bisagara vya Yuda, kugira ngo ibibanza bikirurutse abo baherezi bari barafumbishirijemwo umwotsi w’ibimazi abigire ibitabereye ku bw’ugusenga, kuva i Geba+ gushika i Beyeri-sheba+; asiturira hasi ibibanza bikirurutse vyo mu marembo vyari ku bwinjiriro bw’irembo rya Yosuwa umukuru w’igisagara, iryari ibubamfu umuntu yinjiye mw’irembo ry’igisagara.

  • 2 Ngoma 34:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Mu mwaka ugira umunani w’ingoma yiwe, igihe yari akiri agahungu+, atangura kurondera+ Imana ya Dawidi sekuruza wiwe; mu mwaka ugira cumi na kabiri na ho, atangura guhumanura+ Yuda na Yeruzalemu abikuramwo ibibanza bikirurutse+ n’ibikingi vyeranda+ n’ibishusho bibajwe+ be n’ibishushanyo vyo mu cuma gishongeshejwe.

  • Yesaya 27:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ukwo rero ni ko ikosa rya Yakobo rizohongerwa+, kandi ico ni co camwa cose niyakuraho igicumuro ciwe+, niyafata amabuye yose y’igicaniro akayagira nk’amabuye y’ingwa yavungaguwe, ku buryo ibikingi vyeranda+ be n’ibishirwako imibavu bitazovyuka+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika