-
1 Abami 13:2Bibiliya y’isi nshasha
-
-
2 Maze asemerera abwira nya gicaniro, bivuye kw’ijambo rya Yehova, ati: “Ewe wa gicaniro, wa gicaniro! Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe umuhungu agiye kuvukira inzu ya Dawidi, izina ryiwe rikaba ari Yosiya+! Ata gukeka azoshikanira kuri wewe abaherezi b’ibibanza bikirurutse bafumbishiriza umwotsi w’ibimazi kuri wewe, aturirire n’amagufa y’abantu kuri wewe+.’”
-
-
2 Abami 23:8Bibiliya y’isi nshasha
-
-
8 Maze akura abaherezi bose mu bisagara vya Yuda, kugira ngo ibibanza bikirurutse abo baherezi bari barafumbishirijemwo umwotsi w’ibimazi abigire ibitabereye ku bw’ugusenga, kuva i Geba+ gushika i Beyeri-sheba+; asiturira hasi ibibanza bikirurutse vyo mu marembo vyari ku bwinjiriro bw’irembo rya Yosuwa umukuru w’igisagara, iryari ibubamfu umuntu yinjiye mw’irembo ry’igisagara.
-
-
2 Ngoma 34:3Bibiliya y’isi nshasha
-
-
3 Mu mwaka ugira umunani w’ingoma yiwe, igihe yari akiri agahungu+, atangura kurondera+ Imana ya Dawidi sekuruza wiwe; mu mwaka ugira cumi na kabiri na ho, atangura guhumanura+ Yuda na Yeruzalemu abikuramwo ibibanza bikirurutse+ n’ibikingi vyeranda+ n’ibishusho bibajwe+ be n’ibishushanyo vyo mu cuma gishongeshejwe.
-