ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 27:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 “Kandi uze ukore ikigo+ c’itaberenakulo. Ku ruhande rw’amaja i Negebu, amaja mu bumanuko, ico kigo kigire ibitambara bimanitse vy’ilino nziza ihinzwe+, uruhande rumwe rugire uburebure bw’amatambwe ijana.

  • Kuvayo 38:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Hanyuma atangura gukora ca kigo+. Ku bw’uruhande ruraba i Negebu, amaja mu bumanuko, ibitambara bimanikwa vya nya kigo vyari ivy’ilino nziza ihinzwe, bikagira amatambwe ijana+.

  • Kuvayo 40:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Amaherezo ashinga ca kigo+, gikikuza ya taberenakulo na ca gicaniro, yongera ashiraho ca gikingirizo c’irembo ry’ikigo+.

      Nuko Musa arangiza nya gikorwa.

  • Ezekiyeli 42:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Araheza ambwira ati: “Ivyumba vy’uburiro vyo mu buraruko be n’ivyo mu bumanuko vy’imbere ya wa mwanya washizwe ukwawo+, ni vyo vyumba vy’uburiro vyeranda, aho abaherezi begera+ Yehova barira ibintu vyeranda rwose+. Ni ho bashira ibintu vyeranda rwose n’ishikanwa ry’intete n’ishikanwa ry’igicumuro be n’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha, kuko aho hantu ari heranda+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika