Abalewi 5:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 “Kandi nimba umuntu acumuye mu gukora kimwe mu bintu Yehova ategeka ko bidakwiye gukorwa, naho yoba atari yabimenye+, ntikibuza ko yagirwa n’icaha, kandi ategerezwa kwishura ikosa ryiwe+. Abalewi 19:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Kandi uwukiriye azokwishura ikosa ryiwe+, kuko azoba ahumanije ikintu ceranda ca Yehova. Uyo muntu ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo. Guharura 9:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ariko mu gihe nya muntu yoba yari uwudahumanye canke akaba atari ku rugendo maze agafata minenegwe ivyo gutegura ikimazi ca pasika, uwo muntu aze arandurwe mu bantu b’iwabo+, kuko atashikirije ishikanwa rya Yehova ku gihe cashinzwe caryo. Uwo muntu azokwishura igicumuro ciwe+. Ezekiyeli 4:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Ndaheza mvuga nti: “Yoo, ewe Mukama Segaba Yehova! Raba! Simpumanye+; eka kuva mu buto bwanje sinigeze ndya umuvyimba w’icamaze gupfa canke igikoko catabaguwe, gushika n’ubu+, kandi nta nyama ihumanye yigeze ija mu kanwa kanje+.”
17 “Kandi nimba umuntu acumuye mu gukora kimwe mu bintu Yehova ategeka ko bidakwiye gukorwa, naho yoba atari yabimenye+, ntikibuza ko yagirwa n’icaha, kandi ategerezwa kwishura ikosa ryiwe+.
8 Kandi uwukiriye azokwishura ikosa ryiwe+, kuko azoba ahumanije ikintu ceranda ca Yehova. Uyo muntu ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo.
13 Ariko mu gihe nya muntu yoba yari uwudahumanye canke akaba atari ku rugendo maze agafata minenegwe ivyo gutegura ikimazi ca pasika, uwo muntu aze arandurwe mu bantu b’iwabo+, kuko atashikirije ishikanwa rya Yehova ku gihe cashinzwe caryo. Uwo muntu azokwishura igicumuro ciwe+.
14 Ndaheza mvuga nti: “Yoo, ewe Mukama Segaba Yehova! Raba! Simpumanye+; eka kuva mu buto bwanje sinigeze ndya umuvyimba w’icamaze gupfa canke igikoko catabaguwe, gushika n’ubu+, kandi nta nyama ihumanye yigeze ija mu kanwa kanje+.”