3 Kandi bariko baririmba ururirimbo rwa Musa+ wa mushumba w’Imana n’ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama+, bati:
“Ibikorwa vyawe birakomeye kandi ni agatangaza+, Yehova Mana, Mushoboravyose+. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri+, Mwami w’ibihe bidahera+.