ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 14:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Kandi Umulewi+, kubera ko atagira umuturi canke intoranwa kumwe na wewe, be na kavamahanga+ n’impfuvyi* n’umupfakazi+ bari mu marembo yawe, bazoza, barye bahage; kugira ngo Yehova Imana yawe aguhezagire+ mu gikorwa cose+ c’ukuboko kwawe uzokora.

  • Gusubira mu vyagezwe 28:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Yehova azotegeka umuhezagiro uze ku bubiko bwawe bw’ibifungurwa+ no ku migambi yawe yose+, kandi azoguhezagira koko mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe.

  • Imigani 11:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Uwutanga cane azodoheshwa+, kandi uwuvomēra abandi ku bwinshi na we ubwiwe azovomērwa ku bwinshi+.

  • Imigani 14:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Uwusuzugura mugenziwe aba acumuye+, mugabo hahiriwe uwugirira ubutoni abarushwa+.

  • Imigani 28:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Uwuha ntahonikora nta bukene azogira+, mugabo uwunyegeza amaso yiwe azoronka imivumo myinshi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika