Gusubira mu vyagezwe 14:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Kandi Umulewi+, kubera ko atagira umuturi canke intoranwa kumwe na wewe, be na kavamahanga+ n’impfuvyi* n’umupfakazi+ bari mu marembo yawe, bazoza, barye bahage; kugira ngo Yehova Imana yawe aguhezagire+ mu gikorwa cose+ c’ukuboko kwawe uzokora. Gusubira mu vyagezwe 28:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Yehova azotegeka umuhezagiro uze ku bubiko bwawe bw’ibifungurwa+ no ku migambi yawe yose+, kandi azoguhezagira koko mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe. Imigani 11:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Uwutanga cane azodoheshwa+, kandi uwuvomēra abandi ku bwinshi na we ubwiwe azovomērwa ku bwinshi+. Imigani 14:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Uwusuzugura mugenziwe aba acumuye+, mugabo hahiriwe uwugirira ubutoni abarushwa+. Imigani 28:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Uwuha ntahonikora nta bukene azogira+, mugabo uwunyegeza amaso yiwe azoronka imivumo myinshi+.
29 Kandi Umulewi+, kubera ko atagira umuturi canke intoranwa kumwe na wewe, be na kavamahanga+ n’impfuvyi* n’umupfakazi+ bari mu marembo yawe, bazoza, barye bahage; kugira ngo Yehova Imana yawe aguhezagire+ mu gikorwa cose+ c’ukuboko kwawe uzokora.
8 Yehova azotegeka umuhezagiro uze ku bubiko bwawe bw’ibifungurwa+ no ku migambi yawe yose+, kandi azoguhezagira koko mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe.
25 Uwutanga cane azodoheshwa+, kandi uwuvomēra abandi ku bwinshi na we ubwiwe azovomērwa ku bwinshi+.