16 Abarubeni+ n’Abagadi na bo nabahaye kuva i Gileyadi+ gushika ku mwonga wa Arunoni, hagati na hagati mu mwonga hakaba ari rwo rubibe, no gushika i Yaboki, umwonga w’urubibe rwa bene Amoni+;
17 na Araba na Yorodani n’umupaka, kuva i Kinereti+ gushika ku kiyaga co muri Araba, ikiyaga c’Umunyu+, ku mucamo w’imimanuko ya Pisiga+ amaja i burasirazuba.