ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 4:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kandi muze muzigumye kandi muzishitse, kuko kuri mwebwe ivyo ari ubukerebutsi+ n’ugutegera+ mu maso y’ibisata vy’abantu bizokwumva ivy’izo ngingo nyobozi zose, kandi ntibazobura kuvuga ngo: ‘Iri hanga rikomeye, mu vy’ukuri ni abantu bakerebutse kandi bafise ugutegera+.’

  • Yosuwa 1:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Iki gitabu c’itegeko ntikize kive mu kanwa kawe+; uze usome muri co n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro, kugira ngo witwararike gukora wisunze ivyanditswe muri co vyose+; kuko ari ho uzotuma inzira yawe iroranirwa kandi ugakorana ubukerebutsi+.

  • 1 Abami 2:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Uze ugumye ico Yehova Imana yawe asaba, mu kugendera mu nzira ziwe+, mu kugumya ivyagezwe vyiwe, amabwirizwa yiwe n’ingingo z’ubutungane* ziwe+ be n’ibishingantahe vyiwe, ukurikije ivyanditswe mw’itegeko rya Musa+, kugira ngo ukorane ukwigengesera mu kintu cose uzokora n’ahantu hose uzoja;

  • Imigani 3:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 ubone kuronka ubutoni n’ugutahura kwimbitse kwiza mu maso y’Imana n’ay’umuntu yakuwe mw’ivu+.

  • 2 Timoteyo 3:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 be n’uko guhera mu buhinja+ wamenye ivyanditswe vyeranda, ibishobora kukugira inkerebutsi ku bw’ubukiriro+ biciye ku kwizera kujanye na Kristu Yezu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika