ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Umusiguzi 4:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Hari umuntu w’inyakamwe, nta wa kabiri ariho+; nta n’umwana canke mwene wabo agira+, mugabo igikorwa ciwe c’ubutame cose nta herezo kigira. Vyongeye, amaso yiwe ntahaga ubutunzi+: “None ndiko nduhira nde, nkīma n’umutima wanje ivyiza+?” Ivyo na vyo nyene ni ubusa, kandi ni igikorwa c’ivyago+.

  • Matayo 6:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe akunde uwundi+, canke azokwumira kuri umwe asuzugure uwundi. Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi+.

  • Luka 12:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Maze ababwira ati: “Mugume murikanuye kandi mwirinde ubwoko bwose bw’umwina+, kuko no mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze+.”

  • 1 Timoteyo 6:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kuko urukundo+ rw’amahera ari umuzi+ w’ibibi vy’ubwoko bwose+, kandi mu kurondera gushikira urwo rukundo bamwe barahubijwe bava ku kwizera, bitobekeranisha hose imibabaro myinshi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika