ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 41:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Nimuvuge ibizoza mu nyuma, kugira ngo tumenye ko muri imana+. Egome, mukwiye gukora ineza canke mugakora inabi, kugira tweraguze tubibonere icarimwe+.

  • Yesaya 43:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Raba! Ndiko nkora ikintu gishasha+. Ubu kizoseruka. None ntimuzokimenya+? Vy’ukuri, nzoshiraho inzira ica mu gahinga+, nshireho inzuzi zica mu bugaragwa+.

  • Amosi 3:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Kuko Umukama Segaba Yehova ata co azokora adahishuriye akabanga kiwe abasavyi biwe b’abahanuzi+.

  • 2 Petero 1:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Kuko ubuhanuzi ata ho bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu+, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana+ nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika