ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 6:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Abandanya kuvuga ati: “Genda, ubwire aba bantu uti: ‘Nimwumve yemwe incuro n’izindi, ariko ntimutegere; kandi mubone incuro n’izindi, ariko ntihagire ico mumenya+.’

  • Yesaya 56:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Inderetsi ziwe ni impumyi+. Nta n’umwe muri bo yitayeho ibintu+. Bose ni imbwa z’ibiragi; ntibashoboye gukuga+: barahezagirika, bakiryamira, bakikundira guhunikira+.

  • Yesaya 61:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 61 Impwemu y’Umukama Segaba Yehova iri kuri jewe+, kuko Yehova yandobanuje amavuta+ kugira ngo mbwire inkuru nziza abatekereza+. Yantumye gutubika abavunitse umutima+, gutangaza ukurekurwa ku batwawe ari imbohe+, n’uguhumurwa amaso rwose ku banyororo+;

  • Yeremiya 4:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Kuko abantu banje ari ibipfu+. Ntibanyitayeho+. Ni abana batagira ubukerebutsi; kandi si abantu bafise ugutegera+. Ni inkerebutsi mu vy’ugukora ikibi, mugabo mu vy’ugukora iciza nta bumenyi vy’ukuri bafise+.

  • Ezekiyeli 12:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 “Mwana w’umuntu, uba hagati mu nzu y’ingarariji+, mu bafise amaso yo kubona mugabo bakaba vy’ukuri batabona+, bafise amatwi yo kwumva mugabo bakaba vy’ukuri batumva+, kuko ari inzu y’ingarariji+.

  • Luka 4:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 “Impwemu ya Yehova+ iri kuri jewe, kuko yandobanuje amavuta* kugira ngo menyeshe inkuru nziza aboro, yantumye kwamamaza ukubohorwa ku mbohe n’uguhumuka ku mpumyi, kurekura abajanjaguwe bakidegemvya+,

  • 2 Abakorinto 4:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 muri bo imana y’iki gihe*+ ikaba yarahumye imizirikanyi y’abatemera+, ngo umuco+ wa ya nkuru nziza ininahaye+ yerekeye Kristu we shusho+ y’Imana, ntushobore kumenēra+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika