ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 30:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Kandi Yehova Imana yawe azotuma koko ugira umurengera mu gikorwa cose c’ukuboko kwawe+, mu camwa c’inda yawe n’icamwa c’ibitungwa vyawe+ n’icamwa c’ubutaka bwawe+, bitume utunganirwa+; kuko Yehova azokwongera kukwiratira akugirire neza, nk’uko yiratiye ba sogokuruza bawe+;

  • Yesaya 62:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Kuko, nk’uko umusore atwara umwigeme w’isugi ngo amubere umugore, ni ko n’abahungu bawe bazogutwara ngo ubabere umugore+. Kandi Imana yawe izokwigina+ n’umwigino w’umukwe yigina umugeni+.

  • Yesaya 65:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Nzonezererwa Yeruzalemu, nigine abantu banje+; kandi iwe ntihazosubira kwumvikana urwamo rw’amarira canke urwamo rw’akaruru k’amaborogo+.”

  • Zefaniya 3:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Yehova Imana yawe ari hagati muri wewe. Azogukiza, kuko ari Umunyenkomezi+. Azokwigina n’umunezero kubera wewe+. Azocecekera mu rukundo rwiwe. Azokunezererwa yiha akamo k’umunezero.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika