ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 23:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “Ntukemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso abantu babona neza kandi kigashobora kugoramika amajambo y’abagororotsi+.

  • Gusubira mu vyagezwe 16:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Ntuze ugoreke urubanza+. Ntuze ugire nkunzi+ canke ngo wemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso y’inkerebutsi+ kandi kikagoramika amajambo y’abagororotsi.

  • Gusubira mu vyagezwe 27:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 “‘Aravumwe umuntu yemera igiturire kugira akubite umuntu apfe, kandi ari amaraso y’intungane+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)

  • Zaburi 26:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  9 Ntunjaniranye n’abacumuzi+,

      Canke ubuzima bwanje ngo ubujaniranye n’abagirwa n’amaraso+,

  • Yesaya 1:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Abaganwa bawe ni intagondwa bakaba na bagenzi b’ibisuma+. Umwe wese muri bo akunda igiturire+ kandi akiruka inyuma y’ingabirano+. Kuko badaca urubanza rw’impfuvyi; kandi n’urubanza rw’umupfakazi ntirushika kuri bo+.

  • Amosi 5:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Kuko nzi ingene imigararizo yanyu ari myinshi+ n’ingene ibicumuro vyanyu bikomeye+, yemwe abanka umugororotsi+, mwebwe abakīra amahera y’igipfukamunwa+, mw’irembo+ mugahindira aboro ku ruhande+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika