ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 18:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Kandi mutegerezwa kugumya ivyagezwe vyanje n’ingingo zanje z’ubutungane, umuntu niyabikora akaba atazobura kubeshwaho na vyo+. Ndi Yehova+.

  • Gusubira mu vyagezwe 7:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kandi utegerezwa kugumya ibwirizwa n’ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane ndagutegetse uno musi, mu kubikora+.

  • 1 Samweli 15:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Samweli na we avuga ati: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa+ be n’ibimazi kuruta kugamburuka ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka+ kuruta ikimazi+, kwumvira kukaruta ibinure+ vy’impfizi z’intama;

  • Matayo 7:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 “Si umuntu wese ambwira ngo: ‘Mukama, Mukama’ azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora+ ukugomba kwa Dawe ari mw’ijuru+.

  • Abaroma 10:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Kuko Musa yandika yuko umuntu ashikije ubugororotsi bwo mw’Itegeko azobeshwaho na bwo+.

  • 1 Yohani 3:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Bana bato, ntihagire n’umwe abazimiza; uwushishikara ubugororotsi ni umugororotsi, nk’uko urya na we ari umugororotsi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika