-
Itanguriro 30:35, 36Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
35 Nuko kuri uwo musi, Labani ashira ku ruhande amasuguru y’impene y’uturongorongo n’ay’ibirabagu n’impene zose zivyara z’utudorodonzi n’iz’ibirabagu, ibitungwa vyose vyariko ibara ryera hamwe n’amasuguru y’intama yose asa n’ivu, abiha abahungu biwe ngo abe ari bo babiragira. 36 Inyuma y’ivyo, Labani atandukana na Yakobo, aja ahantu umuntu yogenda imisi itatu. Yakobo yaragira ibitungwa vya Labani vyari bisigaye.
-