ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 37:17-24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Hanyuma akora ca kintu baterekako amatara+, agicurisha inyundo mu nzahabu itavanze. Icicariro caco, umutumba waco, amashami yaco, utubabi twaco, udupfundo twaco n’amashurwe yaco vyari bifatanye, ari ikintu kimwe+. 18 Cari gifise amashami atandatu ava ku mutumba waco, atatu ku ruhande rumwe, yandi atatu ku rundi ruhande. 19 Ishami ryose ryo ku ruhande rumwe ryariko imigwi itatu y’utubabi imeze nk’amashurwe ya shakedi, amapfundo n’amashurwe bikaza birakurakuranwa. Ni ko vyari bimeze no ku mashami yo ku rundi ruhande. Vyari bimeze gutyo ku mashami yose atandatu ava ku mutumba waco. 20 Umutumba waco wariko imigwi ine y’utubabi imeze nk’amashurwe ya shakedi, amapfundo n’amashurwe bikaza birakurakuranwa. 21 Munsi y’aho amashami abiri ya mbere ahurira ku mutumba hariho ipfundo. Hariho n’irindi pfundo munsi y’aho amashami abiri akurikira ahurira, hamwe n’irindi munsi y’aho amashami abiri ya nyuma ahurira. Vyari bimeze gutyo kuri ayo mashami atandatu yose. 22 Ico kintu baterekako amatara, amapfundo yaco n’amashami yaco vyari ikintu kimwe, gicurishijwe inyundo mu nzahabu itavanze. 23 Maze akora mu nzahabu itavanze amatara indwi+ yaco, udupensi* twaco n’udupanu twaco tujamwo umuriro. 24 Ico kintu baterekako amatara hamwe n’ibikoresho vyaco vyose, yabikoze mw’italanto* imwe y’inzahabu itavanze.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika