ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 30:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Aroni kandi azoturira imibavu ku mugoroba* igihe azoba ariko aratsa amatara. Ni ishikanwa ry’imibavu rizokwama ritangwa imbere ya Yehova, uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana.

  • Abalewi 24:2, 3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 «Tegeka Abisirayeli bakuzanire amavuta y’imyelayo* amiminye neza yo kwatsa amatara, kugira agume yaka umwanya wose+. 3 Indani mw’ihema ry’ibonaniro, mu gice kiri imbere y’irido iri hafi y’isandugu y’isezerano*, Aroni azokwitwararika ko ayo matara aguma yakira imbere ya Yehova kuva ku mugoroba gushika mu gitondo. Ni itegeko rizokwamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana.

  • Guharura 8:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 «Bwira Aroni uti: “Niwatsa amatara indwi yo kuri ca kintu baterekako amatara, akwiye kubonesha mu kibanza kiri imbere yaco+.”»

  • 2 Ngoma 13:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Barashikanira Yehova amashikanwa aturirwa agafumba umwotsi mu gitondo no ku mugoroba+, bakamushikanira n’imibavu imota neza+. Barashira imikate igerekeranye*+ ku meza ikozwe mu nzahabu itavanze, kandi buri mugoroba bakatsa amatara+ ari ku co bayaterekako c’inzahabu+. Ivyo tubigira kuko twitwararika ivyo Yehova Imana yacu yadusavye, mugabo mwebwe mwaramuhevye.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika