-
Abalewi 24:2, 3Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
2 «Tegeka Abisirayeli bakuzanire amavuta y’imyelayo* amiminye neza yo kwatsa amatara, kugira agume yaka umwanya wose+. 3 Indani mw’ihema ry’ibonaniro, mu gice kiri imbere y’irido iri hafi y’isandugu y’isezerano*, Aroni azokwitwararika ko ayo matara aguma yakira imbere ya Yehova kuva ku mugoroba gushika mu gitondo. Ni itegeko rizokwamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana.
-
-
2 Ngoma 13:11Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
11 Barashikanira Yehova amashikanwa aturirwa agafumba umwotsi mu gitondo no ku mugoroba+, bakamushikanira n’imibavu imota neza+. Barashira imikate igerekeranye*+ ku meza ikozwe mu nzahabu itavanze, kandi buri mugoroba bakatsa amatara+ ari ku co bayaterekako c’inzahabu+. Ivyo tubigira kuko twitwararika ivyo Yehova Imana yacu yadusavye, mugabo mwebwe mwaramuhevye.
-