ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 5:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Umuherezi azomusabira akurweko igicumuro yakoze, ico ari co cose mu bicumuro vyavuzwe, kandi azobabarirwa+. Ibisigaye kuri iryo shikanwa bizoba ivy’umuherezi+, nka kurya bigenda ku mashikanwa y’intete+.”»

  • Abalewi 6:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Iri na ryo ni itegeko rigenga ishikanwa ry’intete+: abahungu ba Aroni ni bo bazorizana ku gicaniro imbere ya Yehova.

  • Abalewi 6:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Aroni n’abahungu biwe bazorya ibisigaye kuri iryo shikanwa+. Bazobirira ahantu heranda ari imikate itagiramwo umwambiro. Bazoyirira mu kigo c’ihema ry’ibonaniro+.

  • Guharura 18:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Ku mashikanwa meranda cane bashikanisha umuriro, ibi ni vyo bizoba rwanyu: amashikanwa yose banzanira, ni ukuvuga amashikanwa y’intete+, amashikanwa y’igicumuro+ n’ayo kwagirwa n’icaha+. Ni ikintu ceranda cane kuri wewe n’abahungu bawe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika