-
Abalewi 6:25, 26Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
25 «Bwira Aroni n’abahungu biwe uti: “Iri ni ryo tegeko rigenga ishikanwa ry’igicumuro+: ahantu amashikanwa aturirwa akerererwa+, ni ho nyene bazokererera amashikanwa y’igicumuro imbere ya Yehova. Ni ikintu ceranda cane. 26 Umuherezi azotanga iryo shikanwa azorya igipande ciwe+. Azokirira ahantu heranda, mu kigo c’ihema ry’ibonaniro+.
-