14 Wewe n’abahungu bawe n’abakobwa bawe+ muzorya kandi akameme k’ishikanwa bazungagiza be n’itako ry’umugabane mweranda+. Muzobirira ahantu hadahumanye kuko ari umugabane mwahawe mwe n’abahungu bawe, uvuye ku bimazi vyo gusangira Abisirayeli batanga.