10 No mu bihe vy’umunezero+, mu misi mikuru yanyu+ no mu ntango z’amezi, muzovuza inzumbete igihe muzoba muriko muratanga amashikanwa aturirwa+ n’ibimazi vyo gusangira+. Amajwi y’izo nzumbete azotuma Imana yanyu ibibuka. Ndi Yehova Imana yanyu+.»
29Ku musi wa mbere w’ukwezi kugira indwi, muzogira ikoraniro ryeranda. Ntimukwiye gukora igikorwa na kimwe kiruhisha+. Uzoba ari umusi wo kuvuza inzumbete+.