-
Yosuwa 15:1, 2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
15 Akarere umuryango wa Yuda waronse*+ ku bw’ingo ziwugize, karagenda gushika ku rubibe rwa Edomu+, ni ukuvuga ubugaragwa bwa Zini, kakabandanya gushika ku rubibe rwo mu bumanuko rw’akarere ka Negebu. 2 Urubibe rwabo rwo mu bumanuko rwahera ku mpera y’ikiyaga c’Umunyu+, ahari ikigobe kiraba mu bumanuko.
-