Gusubira mu vyagezwe 3:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 3 Twaciye dusubira inyuma, tudugana inzira ija i Bashani. Ogi umwami wa Bashani yaciye azanana n’ingabo ziwe zose, aza kudutera i Edireyi+. Gusubira mu vyagezwe 3:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Ico gihe twarafashe igihugu c’abami babiri b’Abamori+ bo mu karere ka Yorodani, kuva mu mubande* wa Arunoni gushika ku musozi Herumoni+. Gusubira mu vyagezwe 3:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Twarafashe kandi ibisagara vyose vyo mw’itaba, Gileyadi yose na Bashani yose gushika i Saleka n’i Edireyi+, ibisagara vy’ubwami bwa Ogi i Bashani.
3 Twaciye dusubira inyuma, tudugana inzira ija i Bashani. Ogi umwami wa Bashani yaciye azanana n’ingabo ziwe zose, aza kudutera i Edireyi+.
8 Ico gihe twarafashe igihugu c’abami babiri b’Abamori+ bo mu karere ka Yorodani, kuva mu mubande* wa Arunoni gushika ku musozi Herumoni+.
10 Twarafashe kandi ibisagara vyose vyo mw’itaba, Gileyadi yose na Bashani yose gushika i Saleka n’i Edireyi+, ibisagara vy’ubwami bwa Ogi i Bashani.