Gusubira mu vyagezwe 7:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Murazi neza ko Yehova Imana yanyu ari we Mana y’ukuri, Imana yo kwizigirwa, ishitsa ivyo yasezeraniye abayikunda kandi bubahiriza amabwirizwa yayo, ikongera ikabagirira ubuntu* gushika ku runganwe* rwabo rugira igihumbi+. 1 Petero 4:19 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 19 Nuko rero, abariko bababazwa mu buryo buhuye n’ivyo Imana igomba, nibagume biragiza Umuremyi w’umwizigirwa, uko babandanya gukora iciza+.
9 Murazi neza ko Yehova Imana yanyu ari we Mana y’ukuri, Imana yo kwizigirwa, ishitsa ivyo yasezeraniye abayikunda kandi bubahiriza amabwirizwa yayo, ikongera ikabagirira ubuntu* gushika ku runganwe* rwabo rugira igihumbi+.
19 Nuko rero, abariko bababazwa mu buryo buhuye n’ivyo Imana igomba, nibagume biragiza Umuremyi w’umwizigirwa, uko babandanya gukora iciza+.