15 Muri iyo misi, mbona abantu bo mu Buyuda bariko bagana umuvinyu kw’isabato+, abazana ibirundo vy’intete maze bakaziremeka indogobwa, n’abazana umuvinyu, inzabibu, insukoni n’imizigo y’ubwoko bwose, bakavyinjiza i Yeruzalemu kw’isabato+. Nca ndababuza kugurisha ibiribwa kuri uwo musi.