ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 18:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Kuko namuhisemwo* kugira ategeke abahungu biwe n’abazomukomokako kugumya inzira za Yehova mu gukora ibibereye n’ibigororotse+, maze jewe Yehova nzoheza nshitse ivyo namusezeraniye.»

  • Gusubira mu vyagezwe 4:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Ariko mwiyubare, mwirinde rwose kugira ntimwibagire ivyo mwiboneye n’amaso yanyu no kugira ntibive mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho. Mutegerezwa kandi kuvyigisha abana banyu n’abuzukuru banyu+.

  • Imigani 22:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  6 Niwigishe umwana* inzira akwiye gucamwo+.

      Azorinda asaza atarayivamwo+.

  • Abanyefeso 6:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Namwe ba sebibondo, ntimutere ishavu abana banyu+, ahubwo mubandanye kubarera mu kubatoza indero+ mwongera mubakebura* nk’uko Yehova* yashinze+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika