Itanguriro 18:19 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 19 Kuko namuhisemwo* kugira ategeke abahungu biwe n’abazomukomokako kugumya inzira za Yehova mu gukora ibibereye n’ibigororotse+, maze jewe Yehova nzoheza nshitse ivyo namusezeraniye.» Gusubira mu vyagezwe 4:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Ariko mwiyubare, mwirinde rwose kugira ntimwibagire ivyo mwiboneye n’amaso yanyu no kugira ntibive mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho. Mutegerezwa kandi kuvyigisha abana banyu n’abuzukuru banyu+. Imigani 22:6 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 Niwigishe umwana* inzira akwiye gucamwo+.Azorinda asaza atarayivamwo+. Abanyefeso 6:4 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Namwe ba sebibondo, ntimutere ishavu abana banyu+, ahubwo mubandanye kubarera mu kubatoza indero+ mwongera mubakebura* nk’uko Yehova* yashinze+.
19 Kuko namuhisemwo* kugira ategeke abahungu biwe n’abazomukomokako kugumya inzira za Yehova mu gukora ibibereye n’ibigororotse+, maze jewe Yehova nzoheza nshitse ivyo namusezeraniye.»
9 Ariko mwiyubare, mwirinde rwose kugira ntimwibagire ivyo mwiboneye n’amaso yanyu no kugira ntibive mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho. Mutegerezwa kandi kuvyigisha abana banyu n’abuzukuru banyu+.
4 Namwe ba sebibondo, ntimutere ishavu abana banyu+, ahubwo mubandanye kubarera mu kubatoza indero+ mwongera mubakebura* nk’uko Yehova* yashinze+.