-
Gusubira mu vyagezwe 13:6-9Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
6 Mwenewanyu mwonse rimwe canke umuhungu wawe, umukobwa wawe, umugore wawe wikundira canke umugenzi wawe pfampfe, niyagerageza kukwosha mu mpisho akakubwira ngo: “Ingo tugende gusenga izindi mana+”, imana mwe na ba sokuruza banyu mutigeze mumenya, 7 imana z’amahanga abakikuje, yaba ayari hafi yanyu canke kure yanyu, kuva ku mpera y’igihugu gushika ku yindi, 8 ntuze wemere ivyo akubwiye canke ngo umwumvirize+. Ntuze umwumvire ikigongwe canke impuhwe kandi ntuze umukingire. 9 Ahubwo utegerezwa kumwica ata kabuza+. Hageze kumwica, ni wewe uzoba uwa mbere hanyuma abandi bakurikire+.
-