12 Vyongeye, igihe Abusalomu yariko arashikana ibimazi, atuma intumwa i Gilo guhamagara Ahitofeli+. Ahitofeli yari umujanama wa Dawidi+ ava mu gisagara ca Gilo+. Uwo mugambi wa Abusalomu uguma urushiriza gukomera, abamushigikiye na bo baguma bongerekana+.