13Mu mwaka ugira 23 Yehowasi+ mwene Ahaziya+ umwami w’Ubuyuda aganza, ni ho Yehowahazi mwene Yehu+ yaba umwami wa Isirayeli i Samariya. Yaganje imyaka 17.
8 Mu mwaka ugira 38 Azariya+ umwami w’Ubuyuda aganza, ni ho Zakariya+ mwene Yerobowamu yaba umwami wa Isirayeli i Samariya. Yamaze amezi atandatu aganza.
12 Ivyo Yehova yabwiye Yehu vyari birangutse. Yari yamubwiye ati: «Abagukomokako bazokurakuranwa ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli gushika ku ruvyaro rugira kane*+.» Ukwo nyene ni ko vyagenze.