ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 26:32, 33
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 32 Jewe ubwanje nzotuma igihugu canyu gicika umusaka+, kandi abansi banyu baba muri co bazokibona bumirwe+. 33 Nzobashwiragiza mu mahanga+ kandi nzosokora inkota yanje ndabakinagize+. Igihugu canyu kizocika umusaka+, ibisagara vyanyu na vyo bisigare ari ibihomvagurike.

  • Gusubira mu vyagezwe 4:27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 27 Yehova azobashwiragiza mu mahanga+, kandi abantu bari ku rushi ni bo bazorokoka+ muri ayo mahanga Yehova azoba yabashwiragijemwo.

  • Gusubira mu vyagezwe 28:64
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 64 Yehova azobashwiragiza mu mahanga yose, kuva ku mpera imwe y’isi gushika ku yindi+. Muri ayo mahanga muzokorera imana z’ibiti n’amabuye, imana mwe na ba sokuruza banyu mutigeze mumenya+.

  • 1 Abami 14:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Yehova azohana Abisirayeli bamere nk’irenga rizungagizwa n’amazi. Azobarandura abakure mu gihugu ciza yahaye ba sekuruza+, abashwiragirize hakurya ya rwa ruzi runini*+ kubera ko bakoze inkingi nyeranda z’ibiti*+, bakababaza Yehova.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika