32 Jewe ubwanje nzotuma igihugu canyu gicika umusaka+, kandi abansi banyu baba muri co bazokibona bumirwe+. 33 Nzobashwiragiza mu mahanga+ kandi nzosokora inkota yanje ndabakinagize+. Igihugu canyu kizocika umusaka+, ibisagara vyanyu na vyo bisigare ari ibihomvagurike.