3 Ntimuze mugikoze ikintu na kimwe kirimwo umwambiro+. Muzomara imisi indwi murya umukate utarimwo umwambiro, umukate w’amagorwa, kuko mwavuye mu Misiri gihutihuti+. Muzobigira gutyo kugira mwibuke umusi mwavuye mu Misiri igihe cose muzoba mukiriho+.