ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 30:19, 20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Aho ni ho Aroni n’abahungu biwe bazokarabira kandi ni ho bazokwogera ibirenge+. 20 Igihe binjiye mw’ihema ry’ibonaniro canke igihe begereye igicaniro kugira bakore igikorwa cabo no kugira bashikanire Yehova ibimazi biturirwa, bazokaraba n’amazi kugira ntibapfe.

  • Abalewi 21:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Mukwiye kubona ko ari mweranda+ kuko ari we ashikana ibifungurwa vy’Imana yanyu. Mukwiye kubona ko ari mweranda kuko jewe Yehova uwuriko arabeza ndi mweranda+.

  • Abalewi 22:2, 3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 «Bwira Aroni n’abahungu biwe ko bakwiye kuba maso mu kuntu bafata* ibintu vyeranda Abisirayeli bazana, be n’uko badakwiye guhumanya izina ryanje ryeranda+ ku bijanye n’ibintu beza ngo binyegukire+. Ndi Yehova. 3 Ubabwire uti: “Uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana, nihagira uwo mu ruvyaro rwanyu yegera ibintu vyeranda Abisirayeli beza ngo binyegukire jewe Yehova kandi ahumanye, uwo muntu ategerezwa kwicwa*+. Ndi Yehova.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika