48 Nimba hari umunyamahanga aba muri mwebwe agomba guhimbaza Pasika ya Yehova, abahungu bose bo mu rugo iwe bategerezwa kugenyerwa. Aho ni ho gusa ashobora kuyihimbaza, kandi azoca aba nk’imvukira. Ariko nta mugabo n’umwe atagenyerewe akwiye kurya ku mwagazi wa Pasika+.