Imigani 1:5, 6 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 Umuntu w’inkerebutsi arumviriza maze ubumenyi bwiwe bukongerekana+,kandi umuntu afise ugutegera arironkera impanuro nziza*+. 6 Aratahura umugani n’imvugo ifobetse,amajambo y’abantu b’inkerebutsi n’ubupfindo bwabo+. Matayo 13:34, 35 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 34 Ivyo vyose Yezu yabibwiye amasinzi mu bigereranyo. Nta kintu yababwira adakoresheje ibigereranyo+, 35 kugira haranguke ivyo umuhanuzi yari yaravuze ati: «Ngira nteranure akanwa mvugire mu bigereranyo, ntangaze ibintu vyanyegejwe kuva kera cane*+.»
5 Umuntu w’inkerebutsi arumviriza maze ubumenyi bwiwe bukongerekana+,kandi umuntu afise ugutegera arironkera impanuro nziza*+. 6 Aratahura umugani n’imvugo ifobetse,amajambo y’abantu b’inkerebutsi n’ubupfindo bwabo+.
34 Ivyo vyose Yezu yabibwiye amasinzi mu bigereranyo. Nta kintu yababwira adakoresheje ibigereranyo+, 35 kugira haranguke ivyo umuhanuzi yari yaravuze ati: «Ngira nteranure akanwa mvugire mu bigereranyo, ntangaze ibintu vyanyegejwe kuva kera cane*+.»