Zaburi 25:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Yehova ni mwiza kandi aragororotse+. Ni co gituma yigisha abacumuzi inzira bakwiye kugenderamwo+. Zaburi 145:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Yehova ni mwiza kuri bose+,kandi imbabazi ziwe ziribonekeza mu bikorwa vyiwe vyose. Luka 18:19 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 19 Yezu amwishura ati: «Kubera iki unyita mwiza? Nta n’umwe ari mwiza atari Imana+.