ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 2:8, 9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  8 Nunsabe, nanje nzoguha amahanga abe intoranwa yawe.

      Nzoguha isi yose ibe rwawe+.

       9 Uzoyamenaguza agakoni k’ubwami k’icuma+,

      uyasavye nk’igikoresho c’ibumba+.»

  • Zaburi 45:4, 5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  4 Mu bwiza bwawe buhebuje, nugende ugana ku ntsinzi*+.

      Gendera kw’ifarasi urwanire ukuri, ukwicisha bugufi n’ubugororotsi+,

      kandi ukuryo kwawe kuzokora* ibintu biteye akoba.

       5 Imyampi yawe irasongoye kandi ituma amahanga agwa imbere yawe+.

      Itobekeranya abansi b’umwami mu mitima+.

  • Matayo 28:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Yezu arabegera, ababwira ati: «Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi+.

  • Ivyahishuwe 6:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Ngize gutya, mbona ifarasi yera+ kandi uwuyicayeko yari afise umuheto. Ahabwa urugori+ maze arasohoka, agenda aratsinda gushika asozereye intsinzi yiwe+.

  • Ivyahishuwe 12:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 5 Araheza avyara umwana w’umuhungu+ azoragiza amahanga yose inkoni y’icuma+. Ubwo nyene umwana wiwe aca ajanwa ku Mana no ku ntebe y’ubwami yayo.

  • Ivyahishuwe 19:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Hanyuma mbona ijuru ryuguruye, nca mbona n’ifarasi yera+. Uwari ayicayeko yitwa Mwizigirwa+ na Munyakuri+, kandi aca imanza akongera akarwana intambara mu bugororotsi+.

  • Ivyahishuwe 19:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Mu kanwa kiwe hariko havayo inkota ndende ikarishe+ kugira ayikubite amahanga, kandi azoyaragiza inkoni y’icuma+. Vyongeye, ni we aganira mu ruganiro umuvinyu w’ishavu rikaze ry’Imana Mushoboravyose+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika