Zaburi 2:8, 9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Nunsabe, nanje nzoguha amahanga abe intoranwa yawe.Nzoguha isi yose ibe rwawe+. 9 Uzoyamenaguza agakoni k’ubwami k’icuma+,uyasavye nk’igikoresho c’ibumba+.» Zaburi 45:4, 5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Mu bwiza bwawe buhebuje, nugende ugana ku ntsinzi*+.Gendera kw’ifarasi urwanire ukuri, ukwicisha bugufi n’ubugororotsi+,kandi ukuryo kwawe kuzokora* ibintu biteye akoba. 5 Imyampi yawe irasongoye kandi ituma amahanga agwa imbere yawe+.Itobekeranya abansi b’umwami mu mitima+. Matayo 28:18 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 18 Yezu arabegera, ababwira ati: «Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi+. Ivyahishuwe 6:2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 2 Ngize gutya, mbona ifarasi yera+ kandi uwuyicayeko yari afise umuheto. Ahabwa urugori+ maze arasohoka, agenda aratsinda gushika asozereye intsinzi yiwe+. Ivyahishuwe 12:5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 Araheza avyara umwana w’umuhungu+ azoragiza amahanga yose inkoni y’icuma+. Ubwo nyene umwana wiwe aca ajanwa ku Mana no ku ntebe y’ubwami yayo. Ivyahishuwe 19:11 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 11 Hanyuma mbona ijuru ryuguruye, nca mbona n’ifarasi yera+. Uwari ayicayeko yitwa Mwizigirwa+ na Munyakuri+, kandi aca imanza akongera akarwana intambara mu bugororotsi+. Ivyahishuwe 19:15 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Mu kanwa kiwe hariko havayo inkota ndende ikarishe+ kugira ayikubite amahanga, kandi azoyaragiza inkoni y’icuma+. Vyongeye, ni we aganira mu ruganiro umuvinyu w’ishavu rikaze ry’Imana Mushoboravyose+.
8 Nunsabe, nanje nzoguha amahanga abe intoranwa yawe.Nzoguha isi yose ibe rwawe+. 9 Uzoyamenaguza agakoni k’ubwami k’icuma+,uyasavye nk’igikoresho c’ibumba+.»
4 Mu bwiza bwawe buhebuje, nugende ugana ku ntsinzi*+.Gendera kw’ifarasi urwanire ukuri, ukwicisha bugufi n’ubugororotsi+,kandi ukuryo kwawe kuzokora* ibintu biteye akoba. 5 Imyampi yawe irasongoye kandi ituma amahanga agwa imbere yawe+.Itobekeranya abansi b’umwami mu mitima+.
2 Ngize gutya, mbona ifarasi yera+ kandi uwuyicayeko yari afise umuheto. Ahabwa urugori+ maze arasohoka, agenda aratsinda gushika asozereye intsinzi yiwe+.
5 Araheza avyara umwana w’umuhungu+ azoragiza amahanga yose inkoni y’icuma+. Ubwo nyene umwana wiwe aca ajanwa ku Mana no ku ntebe y’ubwami yayo.
11 Hanyuma mbona ijuru ryuguruye, nca mbona n’ifarasi yera+. Uwari ayicayeko yitwa Mwizigirwa+ na Munyakuri+, kandi aca imanza akongera akarwana intambara mu bugororotsi+.
15 Mu kanwa kiwe hariko havayo inkota ndende ikarishe+ kugira ayikubite amahanga, kandi azoyaragiza inkoni y’icuma+. Vyongeye, ni we aganira mu ruganiro umuvinyu w’ishavu rikaze ry’Imana Mushoboravyose+.