1 Ngoma 29:3 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 3 Vyongeye, kubera ko nkunda inzu y’Imana yanje+, hari itunga ryanje+ bwite nipfuza gutanga rigizwe n’inzahabu n’ifeza. Ndaritanze ku bw’inzu y’Imana yanje, ngo ryiyongere ku bindi vyose nateguriye iyo nzu nyeranda. Zaburi 26:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Yehova, ndakunda inzu ubamwo+,ahantu ubuninahazwa bwawe bwibera+. Zaburi 69:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Umwete w’inzu yawe urandurumbamwo+,kandi ibitutsi vy’abagutuka bigwa kuri jewe+.
3 Vyongeye, kubera ko nkunda inzu y’Imana yanje+, hari itunga ryanje+ bwite nipfuza gutanga rigizwe n’inzahabu n’ifeza. Ndaritanze ku bw’inzu y’Imana yanje, ngo ryiyongere ku bindi vyose nateguriye iyo nzu nyeranda.