Zaburi 19:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 19 Ijuru riratangaza ubuninahazwa bw’Imana+,ikirere na co kikamenyesha ibikorwa vy’amaboko yayo+. Zaburi 104:19 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 19 Washizeho ukwezi kugira kumenyekanishe ibihe,kandi izuba rirazi neza igihe rirengerako+. Yesaya 40:26 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 26 Nimuraramure amaso murabe kw’ijuru. Ni nde yaremye ivyo bintu+? Ni Umwe asohora ingabo zavyo ku gitigiri.Zose azihamagara mu mazina yazo+. Kubera inkomezi zitagira uko zingana akoresha n’ububasha buteye akoba afise+,nta n’imwe muri zo ibura. Abaroma 1:20 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 20 Nkako ibintu tutabona biranga Imana*, ni ukuvuga ububasha bwayo bwamaho+ n’ubumana bwayo+, biribonekeza neza kuva igihe isi yaremwa, kuko bibonekera ku bintu yaremye+. Nta co rero bafise bireguza.
26 Nimuraramure amaso murabe kw’ijuru. Ni nde yaremye ivyo bintu+? Ni Umwe asohora ingabo zavyo ku gitigiri.Zose azihamagara mu mazina yazo+. Kubera inkomezi zitagira uko zingana akoresha n’ububasha buteye akoba afise+,nta n’imwe muri zo ibura.
20 Nkako ibintu tutabona biranga Imana*, ni ukuvuga ububasha bwayo bwamaho+ n’ubumana bwayo+, biribonekeza neza kuva igihe isi yaremwa, kuko bibonekera ku bintu yaremye+. Nta co rero bafise bireguza.