ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 40:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  9 Duga ku musozi muremure,

      wa mugore uzaniye inkuru nziza Siyoni+.

      Duza ijwi ushiremwo inguvu,

      wa mugore uzaniye inkuru nziza Yeruzalemu.

      Riduze. Ntutinye.

      Tangariza ibisagara vy’Ubuyuda uti: «Ng’iyi Imana yanyu+.»

  • Yeremiya 31:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Bazoza bihe akamo k’umunezero bari hejuru ku musozi Siyoni+,

      bakayangane kubera ukumera neza* kwa Yehova,

      kubera intete, umuvinyu mushasha+ n’amavuta,

      no kubera imyagazi yo mu busho n’inyana z’inka+.

      Bazoba nk’umurima uvomerewe neza+,

      kandi ntibazokwigera basubira kuba goyigoyi+.»

  • Yeremiya 33:10, 11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 «Ibi ni vyo Yehova avuze: “Aha hantu, mu bisagara vyo mu Buyuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu vyacitse umusaka, bitakirangwamwo abantu canke ibitungwa, muzovuga ko ari agahinga katabamwo abantu canke ibitungwa. Mugabo hazosubira kwumvikana 11 ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero+, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni, n’ijwi ry’abavuga bati: ‘Nimukengurukire Yehova Nyeningabo, kuko Yehova ari mwiza+. Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.’”

      “Bazozana mu nzu ya Yehova amashikanwa yo gukenguruka+, kuko nzogarukana abo muri iki gihugu bagizwe imbohe bamere nk’uko bari mu ntango”, ni ko Yehova avuze.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika