-
Yeremiya 36:22-24Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
22 Hari mu kwezi kugira icenda* umwami yicaye mu nzu yo mu rushana, imbabura iriko iraka imbere yiwe. 23 Yehudi amaze gusoma nk’inkingi zitatu canke zine, umwami yaca atabura ico gice akoresheje imbugita y’umunyamabanga, akagiterera mu muriro wari muri nya mbabura gushika uwo muzingo wose urangiriye muri uwo muriro. 24 Ntibagize ubwoba. Kandi yaba umwami canke abasuku biwe bose bumvise ayo majambo yose, nta witaburiyeko impuzu.
-