12 Ibi ni vyo Yehova avuze: «Ariko n’ubu nimungarukeko n’umutima wanyu wose+,
mwisonzeshe+, murire kandi muboroge.
13 Nimutabure imitima yanyu+, atari impuzu zanyu+,
maze mugaruke kuri Yehova Imana yanyu,
kuko ari Imana y’impuhwe n’imbabazi, iteba gushavura+ kandi yuzuye urukundo+.
Na we azoheza yigarure, ntabateze ivyago.
14 Hari uwubizi? Hari aho yohindura ivyiyumviro+, akigarura.
Hari aho yobahezagira,
mukaronka intete n’ibinyobwa mushikanira Yehova Imana yanyu.