-
Ezekiyeli 33:30, 31Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
30 Nayo wewe ga mwana w’umuntu, abantu bo mw’ihanga ryanyu barakuvuga bari iruhande y’impome no ku miryango y’inzu+. Barabwirana, umwe wese akabwira mwenewabo ngo: “Ingo tuje kwumviriza ivyo Yehova avuga.” 31 Bazoza ari benshi, bicare imbere yawe nk’abantu banje. Bazokwumva ivyo uvuga mugabo ntibazobikora+, kuko bakoresha akarimi kabo bakubwira amajambo asosa*, mugabo umutima wabo uhahamiye inyungu mbi.
-